Kuvayo 25:9 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 9 Muzokora iryo hema n’ibizoba birimwo vyose mwisunze akarorero* nzokwereka+. Kuvayo 39:32 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 32 Nuko Abisirayeli barangiza ibikorwa vyose vyo kuri rya hema ryeranda, ari ryo hema ry’ibonaniro. Bakora ibintu vyose Yehova yari yategetse Musa+. Bakora gutyo nyene. Abaheburayo 9:9 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 9 Iryo hema rigereranya ivy’iki gihe+, kandi biciye kuri iyo ntunganyo, amashikanwa n’ibimazi biratangwa+. Ariko ivyo ntibishobora gutuma uwukora igikorwa ceranda agira ijwi ryo mu mutima ritagira akanenge+.
32 Nuko Abisirayeli barangiza ibikorwa vyose vyo kuri rya hema ryeranda, ari ryo hema ry’ibonaniro. Bakora ibintu vyose Yehova yari yategetse Musa+. Bakora gutyo nyene.
9 Iryo hema rigereranya ivy’iki gihe+, kandi biciye kuri iyo ntunganyo, amashikanwa n’ibimazi biratangwa+. Ariko ivyo ntibishobora gutuma uwukora igikorwa ceranda agira ijwi ryo mu mutima ritagira akanenge+.