Kuvayo 9:14 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 14 Ubu rero ngira ndaguteze ivyago vyanje vyose, ndabiteze abasuku bawe n’abantu bawe kugira umenye yuko kw’isi yose ata n’umwe ariho ameze nkanje+. Kuvayo 15:11 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 11 Ni imana iyihe imeze nkawe ga Yehova+? Ni nde ameze nkawe, wewe werekana ko uri mweranda bihebuje+? Wewe ukwiye gutinywa no gushemezwa, wewe ukora ibitangaza+. Zaburi 83:18 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 18 Ese abantu bose bomenya ko witwa Yehova+,be n’uko ari wewe wenyene Musumbavyose kw’isi yose+! Zaburi 86:8 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 8 Ewe Yehova, nta mana iriho imeze nkawe+,kandi nta bikorwa biriho bimeze nk’ivyawe+. Yesaya 46:9 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 9 Nimwibuke ibintu* vya kera cane,yuko ndi Imana kandi ata yindi iriho. Ndi Imana, nta n’imwe imeze nkanje+. Yeremiya 10:6, 7 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 6 Ewe Yehova, nta n’umwe ameze nkawe+. Urahambaye, n’izina ryawe rirahambaye kandi rirakomeye. 7 Ni nde atogutinya ga Mwami w’amahanga+?Urabibereye kuko mu nkerebutsi zose z’amahanga no mu bwami bwayo bwose,ata n’umwe ameze nkawe namba+. Abaroma 9:17 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 17 Kuko icanditswe kibwira Farawo giti: «Mugabo iki ni co catumye mba ndakuretse: ni ukugira nerekane ububasha bwanje biciye kuri wewe no kugira izina ryanje ryamamare kw’isi yose+.»
14 Ubu rero ngira ndaguteze ivyago vyanje vyose, ndabiteze abasuku bawe n’abantu bawe kugira umenye yuko kw’isi yose ata n’umwe ariho ameze nkanje+.
11 Ni imana iyihe imeze nkawe ga Yehova+? Ni nde ameze nkawe, wewe werekana ko uri mweranda bihebuje+? Wewe ukwiye gutinywa no gushemezwa, wewe ukora ibitangaza+.
9 Nimwibuke ibintu* vya kera cane,yuko ndi Imana kandi ata yindi iriho. Ndi Imana, nta n’imwe imeze nkanje+.
6 Ewe Yehova, nta n’umwe ameze nkawe+. Urahambaye, n’izina ryawe rirahambaye kandi rirakomeye. 7 Ni nde atogutinya ga Mwami w’amahanga+?Urabibereye kuko mu nkerebutsi zose z’amahanga no mu bwami bwayo bwose,ata n’umwe ameze nkawe namba+.
17 Kuko icanditswe kibwira Farawo giti: «Mugabo iki ni co catumye mba ndakuretse: ni ukugira nerekane ububasha bwanje biciye kuri wewe no kugira izina ryanje ryamamare kw’isi yose+.»