ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 9:14
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 14 Ubu rero ngira ndaguteze ivyago vyanje vyose, ndabiteze abasuku bawe n’abantu bawe kugira umenye yuko kw’isi yose ata n’umwe ariho ameze nkanje+.

  • Kuvayo 15:11
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 11 Ni imana iyihe imeze nkawe ga Yehova+?

      Ni nde ameze nkawe, wewe werekana ko uri mweranda bihebuje+?

      Wewe ukwiye gutinywa no gushemezwa, wewe ukora ibitangaza+.

  • Zaburi 83:18
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 18 Ese abantu bose bomenya ko witwa Yehova+,

      be n’uko ari wewe wenyene Musumbavyose kw’isi yose+!

  • Zaburi 86:8
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  8 Ewe Yehova, nta mana iriho imeze nkawe+,

      kandi nta bikorwa biriho bimeze nk’ivyawe+.

  • Yesaya 46:9
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  9 Nimwibuke ibintu* vya kera cane,

      yuko ndi Imana kandi ata yindi iriho.

      Ndi Imana, nta n’imwe imeze nkanje+.

  • Yeremiya 10:6, 7
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  6 Ewe Yehova, nta n’umwe ameze nkawe+.

      Urahambaye, n’izina ryawe rirahambaye kandi rirakomeye.

       7 Ni nde atogutinya ga Mwami w’amahanga+?

      Urabibereye kuko mu nkerebutsi zose z’amahanga no mu bwami bwayo bwose,

      ata n’umwe ameze nkawe namba+.

  • Abaroma 9:17
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 17 Kuko icanditswe kibwira Farawo giti: «Mugabo iki ni co catumye mba ndakuretse: ni ukugira nerekane ububasha bwanje biciye kuri wewe no kugira izina ryanje ryamamare kw’isi yose+.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika