ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 7:11, 12
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 11 Ariko Farawo aca atumako abantu b’incabwenge* n’abapfumu. Abaherezi bakora ivy’amageza bo mu Misiri+ baca bagira nk’ivyo nyene bakoresheje ubupfumu bwabo+: 12 umwe wese aterera hasi inkoni yiwe, zica zihinduka ibiyoka bininibinini. Mugabo ya nkoni ya Aroni ica imira inkoni zabo.

  • Kuvayo 7:20
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 20 Ubwo nyene Musa na Aroni baca bakora ivyo Yehova yari abategetse. Aroni aca aduza ya nkoni, ayikubita mu ruzi Nili imbere ya Farawo n’abasuku biwe, amazi yarwo yose aca ahinduka amaraso+.

  • Kuvayo 7:22
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 22 Ariko abaherezi bakora ivy’amageza bo mu Misiri baca bagira nk’ivyo nyene bakoresheje ubuhinga bwabo busiga ubwenge+. Farawo aca abandanya gukomantaza umutima, ntiyumviriza Musa na Aroni nk’uko Yehova yari yabivuze+.

  • Kuvayo 8:7
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 7 Ariko ba baherezi bakora ivy’amageza baca bagira nk’ivyo nyene bakoresheje ubuhinga bwabo busiga ubwenge. Na bo nyene batuma ibikere biduga mu gihugu ca Misiri+.

  • Kuvayo 8:18
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 18 Ba baherezi bakora ivy’amageza bagerageza kugira nk’ivyo nyene, barondera kuzana imibu bakoresheje ubuhinga bwabo busiga ubwenge+, ariko birabananira. Iyo mibu iguma ku bantu no ku bikoko.

  • 2 Timoteyo 3:8
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 8 Abo bantu barwanya ukuri nka kumwe Yane na Yambure barwanya Musa. Ni abantu bononekaye rwose mu bwenge, abantu batemerwa n’Imana mu bijanye n’ukwizera.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika