ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 13:3
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 3 Musa aca abwira abantu ati: «Muzokwame mwibuka uyu musi muviriyeko mu Misiri+, igihugu mwabayemwo muri abashumba*, kuko Yehova yabakujeyo ukuboko kwiwe gukomeye+. Ntimuze murye ikintu na kimwe kirimwo umwambiro.

  • Kuvayo 13:8
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 8 Kuri uwo musi, muze musigurire abana banyu muti: “Ibi turiko tubikora kubera ivyo Yehova yatugiriye igihe twava mu Misiri+.”

  • Gusubira mu vyagezwe 4:9
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 9 Ariko mwiyubare, mwirinde rwose kugira ntimwibagire ivyo mwiboneye n’amaso yanyu no kugira ntibive mu mitima yanyu imisi yose muzoba mukiriho. Mutegerezwa kandi kuvyigisha abana banyu n’abuzukuru banyu+.

  • Gusubira mu vyagezwe 6:20-22
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 20 Muri kazoza, abana banyu nibababaza bati: “Kubera iki Yehova Imana yacu yabahaye ibi vyibutswa, aya mategeko n’izi ngingo?” 21 Muze mubishure muti: “Twari abashumba ba Farawo mu Misiri, ariko Yehova yaradukuyeyo akoresheje ukuboko kwiwe gukomeye. 22 Twariboneye ibimenyetso n’ibitangaro bikomeye kandi biteye ubwoba Yehova yagumye akora kugira ateze ivyago Misiri+, Farawo hamwe n’urugo rwiwe rwose+.

  • Zaburi 44:1
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 44 Ewe Mana, amatwi yacu yaravyumvise.

      Ba sokuruza bacu baratwiganiye+

      ibikorwa wakoze mu gihe cabo,

      mu misi ya kera cane.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika