17 Kuko icanditswe kibwira Farawo giti: «Mugabo iki ni co catumye mba ndakuretse: ni ukugira nerekane ububasha bwanje biciye kuri wewe no kugira izina ryanje ryamamare kw’isi yose+.» 18 Rero uwo ishaka iramugirira imbabazi, mugabo uwo ishaka ikamureka agacika intabarirwa+.