Kuvayo 37:29 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 29 Akora kandi ya mavuta meranda yo kurobanuza+ hamwe na ya mibavu+ imota neza kandi ityoroye. Vyose vyari bivanze ku buhinga*. 1 Abami 1:39 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 39 Umuherezi Sadoki atora rero ihembe ry’amavuta+ ryari mw’ihema*+, araheza ayarobanuza Salomo+. Batangura kuvuza inzamba, maze abantu bose basemerera bati: «Umwami Salomo nahangame!» Zaburi 89:20 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 20 Nabonye umusavyi wanje Dawidi+,kandi namurobanuje amavuta* yanje meranda+.
29 Akora kandi ya mavuta meranda yo kurobanuza+ hamwe na ya mibavu+ imota neza kandi ityoroye. Vyose vyari bivanze ku buhinga*.
39 Umuherezi Sadoki atora rero ihembe ry’amavuta+ ryari mw’ihema*+, araheza ayarobanuza Salomo+. Batangura kuvuza inzamba, maze abantu bose basemerera bati: «Umwami Salomo nahangame!»