Kuvayo 33:22, 23 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 22 Ubuninahazwa bwanje nibwarengana, nzogushira mu mugaga w’ico gitandara, ndagukingirize ikiganza canje gushika ndenganye. 23 Hanyuma nzokuraho ikiganza canje, nawe uzombona mu mugongo. Ariko mu maso hanje ntushobora kuhabona+.» Guharura 12:8 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 8 Mvugana na we amaso mu yandi*+, ntomora, ata gufobeka. Arabona ishusho yanje jewe Yehova. Kuki none mwubahutse kuvuga nabi umusavyi wanje Musa?» Gusubira mu vyagezwe 34:10 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 10 Muri Isirayeli ntihigeze hasubira kuboneka umuhanuzi ameze nka Musa+, uwo Yehova yari azi neza*+. Yohani 1:18 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 18 Nta muntu n’umwe yigeze kubona Imana+. Wa mwana w’ikinege ameze nk’Imana*+ ari iruhande ya Se*+, ni we yayisiguye+. Yohani 6:46 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 46 Nta muntu n’umwe yabonye Data+, kiretse uwaje ava ku Mana. Uwo ni we yabonye Data+. Ivyakozwe 7:38 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 38 Uyo Musa ni we yari kumwe n’ishengero mu bugaragwa. Yari kumwe kandi na wa mumarayika+ yavugana na we+ ku musozi Sinayi, hamwe na ba sogokuruza bacu. Yarahawe amajambo meranda mazima kugira ayaduhe+.
22 Ubuninahazwa bwanje nibwarengana, nzogushira mu mugaga w’ico gitandara, ndagukingirize ikiganza canje gushika ndenganye. 23 Hanyuma nzokuraho ikiganza canje, nawe uzombona mu mugongo. Ariko mu maso hanje ntushobora kuhabona+.»
8 Mvugana na we amaso mu yandi*+, ntomora, ata gufobeka. Arabona ishusho yanje jewe Yehova. Kuki none mwubahutse kuvuga nabi umusavyi wanje Musa?»
18 Nta muntu n’umwe yigeze kubona Imana+. Wa mwana w’ikinege ameze nk’Imana*+ ari iruhande ya Se*+, ni we yayisiguye+.
38 Uyo Musa ni we yari kumwe n’ishengero mu bugaragwa. Yari kumwe kandi na wa mumarayika+ yavugana na we+ ku musozi Sinayi, hamwe na ba sogokuruza bacu. Yarahawe amajambo meranda mazima kugira ayaduhe+.