ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 5:6
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 6 Azozanira kandi Yehova ishikanwa ryo kwagirwa n’icaha ku bw’igicumuro yakoze+, ni ukuvuga ishashi y’intama canke y’impene kugira ibe ishikanwa ry’igicumuro. Umuherezi azomusabira akurweko igicumuro* yakoze.

  • Abalewi 6:6
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 6 Azoca azanira umuherezi ishikanwa ryo kwagirwa n’icaha ahaye Yehova. Rizoba ari impfizi y’intama itagira akanenge akuye mu busho, yisunze igiciro cashinzwe c’ishikanwa ryo kwagirwa n’icaha+.

  • Abalewi 14:2
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 2 «Iri ni ryo tegeko rigenga umunyamibembe ku musi wo gutangaza ko adahumanye, igihe azoba yazanywe ku muherezi+.

  • Abalewi 14:12
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 12 Uwo muherezi azotora imwe muri za suguru z’intama, ayitange nk’ishikanwa ryo kwagirwa n’icaha+ iri kumwe na ya ngero ya logi y’amavuta, abizungagize* bibe ishikanwa bazungagiza imbere ya Yehova+.

  • Abalewi 19:20, 21
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 20 Umugabo niyaryamana n’umusukukazi agenewe uwundi mugabo, ariko akaba atari bwacungurwe canke ngo ahabwe umwidegemvyo, bose bakwiye guhanwa. Ntibaze bicwe kuko uwo musukukazi atari bwahabwe umwidegemvyo. 21 Uwo mugabo akwiye gushikanira Yehova impfizi y’intama y’ishikanwa ryo kwagirwa n’icaha+, ayizane ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro.

  • Guharura 6:12
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 12 Azoca asubira kwiyegurira Yehova maze atangure imisi yiwe y’ubunaziri. Azozana ishikanwa ryo kwagirwa n’icaha rigizwe n’isuguru y’intama imaze umwaka canke udashika. Ariko rero, imisi y’ubunaziri yamaze ubwa mbere ntizoharurwa kuko yihumanije.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika