15 azoca azana umugore wiwe ku muherezi yitwaje ishikanwa amutangira ringana n’ic’icumi c’ingero ya efa y’ifu ya sayiri. Ntaze arisukeko amavuta canke ngo arishireko imibavu, kuko ari ishikanwa ry’intete ry’ishari, ishikanwa ry’intete ryibutsa icaha.