3Nimba ishikanwa ryiwe ari ikimazi co gusangira*+ akuye mu busho bw’inka, yaba ari ishuri canke ishashi, ikwiye kuba itagira akanenge imbere ya Yehova.
21 Umuntu niyashikanira Yehova ikimazi co gusangira+ kugira ashitse indagano canke akaba agitanze avyishakiye, gikwiye kuba ari igitungwa kitagira akanenge kivuye mu busho bwiwe kugira ashimwe n’Imana. Nta kanenge na kamwe gikwiye kuba gifise.