ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 17:15
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 15 Umuntu wese azorya igikoko asanze capfuye canke catabaguwe n’ikindi gikoko+, yaba imvukira canke umunyamahanga, akwiye kumesa impuzu ziwe, akiyoga hanyuma abe uwuhumanye gushika ku mugoroba+. Aho ni ho azoba uwudahumanye.

  • Abalewi 22:3
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 3 Ubabwire uti: “Uko urunganwe* rwanyu ruzogenda rurakurikirana, nihagira uwo mu ruvyaro rwanyu yegera ibintu vyeranda Abisirayeli beza ngo binyegukire jewe Yehova kandi ahumanye, uwo muntu ategerezwa kwicwa*+. Ndi Yehova.

  • Abalewi 22:8
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 8 Ntakwiye kandi kurya igitungwa yasanze capfuye canke icatabaguwe n’igikoko co mw’ishamba kuko comuhumanya+. Ndi Yehova.

  • Gusubira mu vyagezwe 14:21
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 21 Ntimuze murye igitungwa na kimwe musanze capfuye+. Murashobora kugiha umunyamahanga aba mu bisagara* vyanyu akakirya canke mukakigurisha kuri we. Muri ihanga ryeranda kuri Yehova Imana yanyu.

      Ntugateke umwagazi w’impene mu mata ya nyina+.

  • Ezekiyeli 4:14
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 14 Ndaheza mvuga nti: «Urantunga Mukama Segaba Yehova! Kuva mu buto bwanje gushika n’ubu sinigeze nihumanya mu kurya inyama z’igikoko basanze capfuye canke catabaguwe+, kandi nta nyama ihumanye ndigera nshira mu kanwa+.»

  • Ezekiyeli 44:31
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 31 Abaherezi ntibaze barye ico basanze capfuye canke catabaguwe+, yaba ari inyoni canke igikoko.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika