Abalewi 17:15 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 15 Umuntu wese azorya igikoko asanze capfuye canke catabaguwe n’ikindi gikoko+, yaba imvukira canke umunyamahanga, akwiye kumesa impuzu ziwe, akiyoga hanyuma abe uwuhumanye gushika ku mugoroba+. Aho ni ho azoba uwudahumanye. Abalewi 22:3 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 3 Ubabwire uti: “Uko urunganwe* rwanyu ruzogenda rurakurikirana, nihagira uwo mu ruvyaro rwanyu yegera ibintu vyeranda Abisirayeli beza ngo binyegukire jewe Yehova kandi ahumanye, uwo muntu ategerezwa kwicwa*+. Ndi Yehova. Abalewi 22:8 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 8 Ntakwiye kandi kurya igitungwa yasanze capfuye canke icatabaguwe n’igikoko co mw’ishamba kuko comuhumanya+. Ndi Yehova. Gusubira mu vyagezwe 14:21 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 21 Ntimuze murye igitungwa na kimwe musanze capfuye+. Murashobora kugiha umunyamahanga aba mu bisagara* vyanyu akakirya canke mukakigurisha kuri we. Muri ihanga ryeranda kuri Yehova Imana yanyu. Ntugateke umwagazi w’impene mu mata ya nyina+. Ezekiyeli 4:14 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 14 Ndaheza mvuga nti: «Urantunga Mukama Segaba Yehova! Kuva mu buto bwanje gushika n’ubu sinigeze nihumanya mu kurya inyama z’igikoko basanze capfuye canke catabaguwe+, kandi nta nyama ihumanye ndigera nshira mu kanwa+.» Ezekiyeli 44:31 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 31 Abaherezi ntibaze barye ico basanze capfuye canke catabaguwe+, yaba ari inyoni canke igikoko.”
15 Umuntu wese azorya igikoko asanze capfuye canke catabaguwe n’ikindi gikoko+, yaba imvukira canke umunyamahanga, akwiye kumesa impuzu ziwe, akiyoga hanyuma abe uwuhumanye gushika ku mugoroba+. Aho ni ho azoba uwudahumanye.
3 Ubabwire uti: “Uko urunganwe* rwanyu ruzogenda rurakurikirana, nihagira uwo mu ruvyaro rwanyu yegera ibintu vyeranda Abisirayeli beza ngo binyegukire jewe Yehova kandi ahumanye, uwo muntu ategerezwa kwicwa*+. Ndi Yehova.
8 Ntakwiye kandi kurya igitungwa yasanze capfuye canke icatabaguwe n’igikoko co mw’ishamba kuko comuhumanya+. Ndi Yehova.
21 Ntimuze murye igitungwa na kimwe musanze capfuye+. Murashobora kugiha umunyamahanga aba mu bisagara* vyanyu akakirya canke mukakigurisha kuri we. Muri ihanga ryeranda kuri Yehova Imana yanyu. Ntugateke umwagazi w’impene mu mata ya nyina+.
14 Ndaheza mvuga nti: «Urantunga Mukama Segaba Yehova! Kuva mu buto bwanje gushika n’ubu sinigeze nihumanya mu kurya inyama z’igikoko basanze capfuye canke catabaguwe+, kandi nta nyama ihumanye ndigera nshira mu kanwa+.»