-
Abalewi 7:23-25Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
23 «Barira Abisirayeli uti: “Ntimuze murye ikinure na kimwe+, caba ic’impfizi y’inka, isuguru y’intama canke impene. 24 Ikinure c’igitungwa musanze capfuye canke igitungwa cishwe n’igikoko murashobora kugikoresha ikindi kintu cose mushatse, ariko ntimuze mwigere mukirya+. 25 Umuntu wese ariye ikinure c’igitungwa ahaye Yehova nk’ishikanwa bashikanisha umuriro, ategerezwa kwicwa.
-
-
1 Abami 8:64Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
64 Kuri uwo musi, vyabaye ngombwa ko umwami yeza igice co hagati c’ikigo kiri imbere y’inzu ya Yehova. Ni ho yaciye ashikanira ibimazi biturirwa, amashikanwa y’intete n’ibihimba binuze vy’ibimazi vyo gusangira. Yabigize kubera ko igicaniro c’umujumpu+ kiri imbere ya Yehova cabaye gitoya cane ku buryo kidakwirwamwo ivyo bimazi biturirwa, ayo mashikanwa y’intete n’ivyo bihimba binuze+ vy’ibimazi vyo gusangira.
-