ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 15:19
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 19 Uzoshirira ku ruhande Yehova Imana yawe ikigabo cose kivutse ubwa mbere mu bitungwa vyawe+. Ntuzokoreshe igikorwa na kimwe inka* ivutse ubwa mbere, canke ngo umwe* ubwoya intama ivutse ubwa mbere.

  • Gusubira mu vyagezwe 15:21
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 21 Ariko nimba gifise akanenge, ni ukuvuga gicumbagira, gihumye canke gifise akandi kanenge gakomeye, ntimuze mugishikanire Yehova Imana yanyu+.

  • Gusubira mu vyagezwe 17:1
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 17 Ntimuze mushikanire Yehova Imana yanyu impfizi y’inka canke intama irwaye canke ifise akandi kanenge ako ari ko kose, kuko coba ari ikintu gishisha Yehova Imana yanyu+.

  • Malaki 1:8
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 8 Igihe mushikiriza ikimazi c’igitungwa gihumye, muvuga ngo: ‘Nta kibi kirimwo.’ N’iyo mushikirije igitungwa gicumbagira canke kirwaye, muvuga ngo: ‘Nta kibi kirimwo+.’”»

      «Enda nubishikirize buramatari urabe. Ugira ngo yogushima canke akakwakira neza?», ni ko Yehova Nyeningabo avuze.

  • Abaheburayo 9:14
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 14 hari akantu amaraso ya Kristu+, umwe yishikanye ku Mana atagira akanenge* biciye ku mpwemu idahera. Amaraso yiwe arahumanura ijwi ryacu ryo mu mutima rigakira ibikorwa ata co bimaze*+ kugira dukorere ya Mana nzima igikorwa ceranda+.

  • 1 Petero 1:19
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 19 Ahubwo mwabukuwemwo biciye ku maraso y’agaciro+, nk’ay’umwagazi w’intama utagira akanenge* canke agatosi+, ni ukuvuga amaraso ya Kristu+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika