10 Rimwe mu mwaka, ku musi w’impongano+, Aroni azosuka ku mahembe y’ico gicaniro amaraso makeyi y’ikimazi c’igicumuro kugira agityorore+. Azoza aragityorora rimwe mu mwaka, uko urunganwe rwanyu ruzogenda rurakurikirana. Ico gicaniro ni ceranda cane kuri Yehova.»