-
Rusi 4:4-6Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
4 Niyumviriye rero kubikumenyesha nti: “Nurigurire imbere y’ababa muri iki gisagara n’abashingantahe baco+. Ukaba ushaka kuricungura, nuricungure. Ariko nimba utabishaka, nubimenyeshe, kuko ari wewe ufise uburenganzira bwo kuricungura, nanje nkaza inyuma yawe.”» Ya ncuti na yo iti: «Ndemeye kuricungura+.» 5 Maze Bowazi avuga ati: «Umusi uzogura iryo tongo na Nawomi, umenye kandi ko uzoba uriguze na Rusi Umunyamowabukazi, umugore w’umuhisi, kugira ngo izina ry’umuhisi rigume ku ntoranwa yiwe+.» 6 Ya ncuti ica ivuga iti: «Sinshoboye kuricungura, kuko nohava nonona intoranwa yanje. Ndaguhaye uburenganzira bwo kuricungura, jewe nta vyo nshoboye.»
-