15 Uzogurira mugenzawe wisunze imyaka ihaciye inyuma ya Yubile, kandi na we azokugurishako yisunze imyaka y’iyimbura isigaye+. 16 Nimba hasigaye imyaka myinshi, arashobora kwongereza igiciro. Ariko nimba hasigaye imyaka mike, akwiye kukigabanya kuko azoba ariko agurisha yisunze incuro uzokwimbura.