ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 10:1, 2
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 10 Mu nyuma, abahungu ba Aroni ari bo Nadabu na Abihu+, umwe wese atora agapanu kiwe kajako umuriro maze badushirako umuriro n’imibavu+. Baraheza bazana imbere ya Yehova umuriro utemewe+, uwo atari yarabategetse gukoresha. 2 Umuriro uvuye imbere ya Yehova uca urabaturira+, bapfira imbere ya Yehova+.

  • Guharura 3:2
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 2 Aya ni yo mazina y’abahungu ba Aroni: imfura yari Nadabu, hagakurikira Abihu+, Eleyazari+ na Itamari+.

  • Guharura 3:4
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 4 Ariko Nadabu na Abihu bapfiriye imbere ya Yehova igihe bashikana umuriro utemewe imbere ya Yehova+ mu bugaragwa bwa Sinayi. Nta bana bari bafise. Eleyazari+ na Itamari+ bagumye ari abaherezi bari kumwe na Aroni se wabo.

  • 1 Ngoma 24:2
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 2 Ariko Nadabu na Abihu batanze se gupfa+, kandi nta bahungu bavyaye. Eleyazari+ na Itamari bobo bagumye ari abaherezi.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika