ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 13:14, 15
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 14 Loti amaze gutandukana na Aburamu, Yehova abwira Aburamu ati: «Ndagusavye wunamure amaso, urabe mu buraruko no mu bumanuko, mu buseruko no mu burengero, 15 kuko iki gihugu cose ubona nzokiguha mwe n’uruvyaro* rwawe, kibe rwanyu ibihe vyose+.

  • Gusubira mu vyagezwe 3:27
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 27 Duga hejuru ku musozi Pisiga+, urabe ico gihugu mu burengero, mu buraruko, mu bumanuko no mu buseruko, ukirabishe amaso gusa kuko utazojabuka uru ruzi Yorodani+.

  • Gusubira mu vyagezwe 32:52
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 52 Uzobona ico gihugu uri kure, ariko ntuzokwinjira muri ico gihugu ngira mpe Abisirayeli+.»

  • Gusubira mu vyagezwe 34:1
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 34 Musa aca ava mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Mowabu, aduga ku musozi Nebo+ kw’isonga rya Pisiga+, aharabana n’i Yeriko+. Yehova araheza amwereka ico gihugu cose, kuva i Gileyadi gushika i Dani+,

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika