30 Uzoshira Urimu na Tumimu+ muri ako gapfuko ko guca imanza, kandi bitegerezwa kuba biri ku mutima wa Aroni igihe yinjiye imbere ya Yehova. Aroni ategerezwa kuba yambaye ku mutima ivyo bikoresho vyo gucira imanza Abisirayeli, igihe cose ari imbere ya Yehova.