ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 23:16
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 16 Muzohimbaza kandi umusi mukuru w’iyimbura* ry’ivyeze ubwa mbere mu vyo mwateye mu mirima+ be n’umusi mukuru wo gusozera iyimbura* mu mpera z’umwaka, igihe muzoba muriko muregeranya ivyo mwimbuye mu mirima+.

  • Abalewi 23:34-36
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 34 «Bwira Abisirayeli uti: “Umusi ugira 15 w’ukwo kwezi kw’indwi uzoba ari umusi mukuru w’insago*. Muzomara imisi indwi muhimbariza Yehova uwo musi mukuru+. 35 Ku musi wa mbere muzogira ikoraniro ryeranda, kandi ntimuze mukore igikorwa na kimwe kiruhisha. 36 Muzomara imisi indwi mushikanira Yehova ishikanwa bashikanisha umuriro. Ku musi ugira umunani muzogira ikoraniro ryeranda+, kandi mutegerezwa gushikanira Yehova ishikanwa bashikanisha umuriro. Ni ikoraniro ridasanzwe. Ntimuze mukore igikorwa na kimwe kiruhisha.

  • Gusubira mu vyagezwe 16:13-15
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 13 Nimwamara kwegeranya ivyimburwa mwakubitiye ku mbuga hamwe n’ivyo mwaganiye mu mato y’amavuta n’ay’umuvinyu, muzomara imisi indwi muhimbaza umusi mukuru w’insago*+. 14 Muze muryoherwe kuri uwo musi mukuru+ mwe n’abahungu banyu, abakobwa banyu, abashumba banyu b’abagabo n’ab’abagore, mutibagiye Abalewi, ba kavamahanga hamwe n’impfuvyi n’abapfakazi baba mu bisagara vyanyu. 15 Muzomara imisi indwi muhimbaza umusi mukuru+ wa Yehova Imana yanyu, muwuhimbarize ahantu Yehova azoba yatoye, kuko Yehova Imana yanyu azohezagira ivyimburwa vyanyu vyose n’ivyo mukora vyose+. Muze murangwe n’umunezero gusa+.

  • Nehemiya 8:14-18
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 14 Maze basanga mu mategeko handitswe ko Yehova yari yarategetse biciye kuri Musa yuko Abisirayeli bakwiye kuba mu nsago mu gihe c’umusi mukuru wo mu kwezi kugira indwi+. 15 Yari yarategetse kandi ko bakwiye gutangaza+ bakamenyesha mu bisagara vyabo vyose n’i Yeruzalemu hose bati: «Nimuje mu karere k’imisozi muzane amashami ariko amababi muyakuye ku biti vy’imyelayo, ku mapinusi, ku mihadasi*, ku bigazi no ku bindi biti kugira mwubake insago nk’uko vyanditswe.»

      16 Nuko abantu baja kuzana ayo mashami, baca bayubakamwo insago. Bubatse hejuru ku nzu* zabo, mu bigo vyabo, mu bigo vy’inzu y’Imana y’ukuri+, mu kibanza rusangi co kw’irembo ry’amazi+ n’ico kw’irembo rya Efurayimu+. 17 Abantu bose bari baravuye mu bunyagano bubaka rero insago, maze bazibamwo. Abisirayeli bagira umunezero mwinshi cane+ kubera ko batari bwigere bahimbaza uwo musi mukuru gutyo kuva mu misi ya Yosuwa+ mwene Nuni. 18 Buri musi, kuva ku musi wa mbere gushika ku musi wa nyuma, barasomerwa mu gitabu c’amategeko y’Imana y’ukuri+. Bamaze imisi indwi bari muri uwo musi mukuru, maze ku musi ugira umunani haba ikoraniro ridasanzwe nk’uko vyasabwa+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika