Kuvayo 26:37 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 37 Uzokora inkingi zitanu mu giti c’umunyinya zo kumanikako iyo rido*, uheze uzihomekeko inzahabu. Udusumari twazo tuzoba dukozwe mu nzahabu, kandi uzozikorera udutafari dutanu mu mujumpu ushongeshejwe. Kuvayo 36:38 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 38 Akora kandi inkingi zitanu zayo n’udusumari* tw’izo nkingi. Ahomeka inzahabu ku mitwe yazo no ku dusumari twazo, ariko udutafari dutanu twazo twari dukozwe mu mujumpu.
37 Uzokora inkingi zitanu mu giti c’umunyinya zo kumanikako iyo rido*, uheze uzihomekeko inzahabu. Udusumari twazo tuzoba dukozwe mu nzahabu, kandi uzozikorera udutafari dutanu mu mujumpu ushongeshejwe.
38 Akora kandi inkingi zitanu zayo n’udusumari* tw’izo nkingi. Ahomeka inzahabu ku mitwe yazo no ku dusumari twazo, ariko udutafari dutanu twazo twari dukozwe mu mujumpu.