ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 29:27, 28
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 27 Uzoshira ku ruhande akameme ka rya shikanwa bazungagiza n’ukuguru kwa wa mugabane mweranda wazungagiza uwukuye kuri ya mpfizi y’intama yakoreshwa mu kwimika+ Aroni n’abahungu biwe. 28 Ivyo bizoba ivya Aroni n’abahungu biwe, kuko ari umugabane mweranda. Ni itegeko ryamaho ku Bisirayeli. Ni umugabane mweranda uzotangwa n’Abisirayeli+, uwo bazoha Yehova uvuye ku bimazi vyabo vyo gusangira+.

  • Guharura 18:8
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 8 Yehova yongera kubwira Aroni ati: «Ndakujeje intererano mpabwa+. Wewe n’abahungu bawe narabahaye umugabane wamaho uvuye ku bintu vyeranda vyose Abisirayeli batanga+.

  • Gusubira mu vyagezwe 18:3
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 3 Ibi rero ni vyo abaherezi bafitiye uburenganzira ku vyo abantu batanga: umuntu wese atanze ikimazi, yaba impfizi y’inka canke intama, ategerezwa guha umuherezi igikenye c’ukuboko, imibangabanga be n’umushishito.

  • Ezekiyeli 44:29
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 29 Ni bo bazorya ishikanwa ry’intete+, iry’igicumuro n’iryo kwagirwa n’icaha+, kandi ikintu cose ceguriwe Imana muri Isirayeli kizoba rwabo+.

  • 1 Abakorinto 9:13
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 13 Ntimuzi yuko abakora ibikorwa vyeranda barya ibintu vyo mu rusengero, abama bakorera ku gicaniro na bo bakarya ku vyatanzwe ku gicaniro+?

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika