ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Ngoma 15:28
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 28 Abisirayeli bose bariko bazana isandugu y’isezerano rya Yehova bavuza impundu+, inzamba, inzumbete+, ivyuma bisama, bakavuza n’ibicurarangisho vy’imirya be n’inanga+ n’ijwi rinini.

  • 2 Ngoma 5:12
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 12 abaririmvyi bose b’Abalewi+ bayoborwa na Asafu+, Hemani+, Yedutuni+, abahungu babo na benewabo, bari bambaye impuzu zo mu bitambara vyiza. Bari bafise ivyuma bisama, ibicurarangisho vy’imirya n’inanga. Bari bahagaze mu buseruko bw’igicaniro, bari kumwe n’abaherezi 120 bavuza inzumbete+.

  • 2 Ngoma 7:6
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 6 Abaherezi bari bahagaze mu bibanza bakoreramwo, cokimwe n’Abalewi bari bafise ibicurarangisho bakoresha mu kuririmbira Yehova+. (Umwami Dawidi yakoze ivyo bicurarangisho kugira aze arabikoresha mu gukengurukira Yehova igihe yaba ariko aramushemeza biciye kuri bo*, «kuko urukundo* rwiwe rwamaho ibihe vyose.») Abaherezi bariko bavuza inzumbete n’ijwi rirenga+ bari imbere y’Abalewi, Abisirayeli bose na bo bahagaze.

  • Ezira 3:10
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 10 Abubatsi bamaze kwubaka umushinge w’urusengero rwa Yehova+, abaherezi batora inzumbete+ bambaye impuzu zabo, Abalewi bene Asafu na bo batora ivyuma bisama. Bose bava hasi kugira ngo bashemeze Yehova bakurikije ivyo Dawidi umwami wa Isirayeli yashinze+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika