-
Gusubira mu vyagezwe 9:1, 2Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
9 Umviriza yemwe Bisirayeli, uyu musi mugira mujabuke uruzi Yorodani+ kugira mwigarurire igihugu kirimwo amahanga manini kandi akomeye kubasumvya+, ibisagara binini bikingijwe impome gushika kw’ijuru*+, 2 n’abantu bakomeye kandi barebare bakomoka kuri Anaki+, abo muzi kandi mwumvise abavuga ivyabo ngo: “Ni nde yoshobora kwihanga abakomoka kuri Anaki?”
-