-
Guharura 28:11, 12Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
11 Mu ntango za buri kwezi, muzoshikanira Yehova ishikanwa riturirwa rigizwe n’ishuri zibiri zikiri nto be n’impfizi y’intama n’imyagazi y’intama indwi imaze umwaka umwumwe kandi itagira akanenge+. 12 Muzobitangana n’ishikanwa ry’intete+ rigizwe n’ivy’icumi bitatu vy’ingero ya efa y’ifu inoze ivanze n’amavuta kw’ishuri imwimwe, ishikanwa ry’intete rigizwe n’ivy’icumi bibiri vy’ingero ya efa y’ifu inoze ivanze n’amavuta ku mpfizi y’intama+,
-
-
Guharura 29:6Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
6 Ivyo vyose bizoza vyiyongera kw’ishikanwa riturirwa rya buri kwezi be n’ishikanwa ryaryo ry’intete+ no kw’ishikanwa riturirwa ryamaho be n’ishikanwa ryaryo ry’intete+ hamwe no ku mashikanwa yavyo y’ibinyobwa+. Muzobitanga nk’uko bisabwa n’amategeko. Ni ishikanwa bashikanisha umuriro ry’akamoto kamotera neza Yehova.
-