7 Iyo ni yo yari imiryango y’Abarubeni. Abanditswe muri bo bari 43.730+.
8 Palu yavyaye Eliyabu. 9 Abahungu ba Eliyabu bari Nemuweli, Datani na Abiramu. Datani na Abiramu bari abakuru b’ishengero barwanije Musa+ na Aroni bari kumwe n’akagwi ka Kora+, igihe barwanya Yehova+.