Kuvayo 12:49 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 49 Itegeko ni rimwe ku mvukira no ku munyamahanga aba muri mwebwe+.» Abalewi 24:22 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 22 Itegeko ni rimwe ku munyamahanga no ku mvukira+, kuko ndi Yehova Imana yanyu.”» Guharura 15:15 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 15 Mwebwe abagize ishengero hamwe n’umunyamahanga aba muri mwebwe muzogengwa n’itegeko rimwe. Iryo ni itegeko ryamaho uko urunganwe* rwanyu ruzogenda rurakurikirana. Umunyamahanga azomera cokimwe namwe imbere ya Yehova+.
15 Mwebwe abagize ishengero hamwe n’umunyamahanga aba muri mwebwe muzogengwa n’itegeko rimwe. Iryo ni itegeko ryamaho uko urunganwe* rwanyu ruzogenda rurakurikirana. Umunyamahanga azomera cokimwe namwe imbere ya Yehova+.