ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Guharura 19:18
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 18 Umugabo adahumanye+ azoca atora uduti twa ezobu, atujobeke muri ayo mazi aheze ayamijagire kuri iryo hema, ku bikoresho vyose, ku bantu bari ng’aho no kuri uwo muntu yakoze ku magufa y’uwapfuye, ku wishwe n’inkota, ku kiziga canke ku mva.

  • Abaheburayo 9:9, 10
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 9 Iryo hema rigereranya ivy’iki gihe+, kandi biciye kuri iyo ntunganyo, amashikanwa n’ibimazi biratangwa+. Ariko ivyo ntibishobora gutuma uwukora igikorwa ceranda agira ijwi ryo mu mutima ritagira akanenge+. 10 Ivyo bimazi n’amashikanwa vyari bijanye gusa n’ibifungurwa n’ibinyobwa be n’ivyo kwiyuhagira no kwoza ibintu nk’uko bisabwa*+. Vyari ibintu bisabwa n’amategeko bijanye n’ivy’umubiri+, kandi vyaragizwe itegeko gushika igihe cashinzwe co kugorora ibintu kigeze.

  • Abaheburayo 9:13, 14
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 13 Nakare nimba amaraso y’impene n’ay’impfizi+ be n’iminyota y’ishashi* imijagirwa ku bahumanye vyeza umubiri bikawuhumanura+, 14 hari akantu amaraso ya Kristu+, umwe yishikanye ku Mana atagira akanenge* biciye ku mpwemu idahera. Amaraso yiwe arahumanura ijwi ryacu ryo mu mutima rigakira ibikorwa ata co bimaze*+ kugira dukorere ya Mana nzima igikorwa ceranda+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika