-
Abaheburayo 9:9, 10Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
9 Iryo hema rigereranya ivy’iki gihe+, kandi biciye kuri iyo ntunganyo, amashikanwa n’ibimazi biratangwa+. Ariko ivyo ntibishobora gutuma uwukora igikorwa ceranda agira ijwi ryo mu mutima ritagira akanenge+. 10 Ivyo bimazi n’amashikanwa vyari bijanye gusa n’ibifungurwa n’ibinyobwa be n’ivyo kwiyuhagira no kwoza ibintu nk’uko bisabwa*+. Vyari ibintu bisabwa n’amategeko bijanye n’ivy’umubiri+, kandi vyaragizwe itegeko gushika igihe cashinzwe co kugorora ibintu kigeze.
-
-
Abaheburayo 9:13, 14Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
13 Nakare nimba amaraso y’impene n’ay’impfizi+ be n’iminyota y’ishashi* imijagirwa ku bahumanye vyeza umubiri bikawuhumanura+, 14 hari akantu amaraso ya Kristu+, umwe yishikanye ku Mana atagira akanenge* biciye ku mpwemu idahera. Amaraso yiwe arahumanura ijwi ryacu ryo mu mutima rigakira ibikorwa ata co bimaze*+ kugira dukorere ya Mana nzima igikorwa ceranda+.
-