ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 10:15, 16
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 15 Kanani yavyaye imfura yiwe Sidoni+, akurikizako Heti+. 16 Abandi bamukomotseko ni Abayebusi+, Abamori+, Abagirugashi,

  • Itanguriro 15:16
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 16 Ariko bazogaruka hano+ mu gihe c’urunganwe* rugira kane, kuko igihe co guhana Abamori kitaragera*+.»

  • Kuvayo 3:8
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 8 Ngira manuke kubarokora mu maboko y’Abanyamisiri+, ndabajane mu gihugu ciza kandi cagutse, igihugu gitemba amata n’ubuki+, akarere k’Abanyakanani, Abaheti, Abamori, Abaperizi, Abahiwi n’Abayebusi+.

  • Gusubira mu vyagezwe 7:1
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 7 Yehova Imana yanyu niyamara kubashikana mu gihugu mugira mwigarurire+, azokwirukana imbere yanyu amahanga y’abantu benshi+: Abaheti, Abagirugashi, Abamori+, Abanyakanani, Abaperizi, Abahiwi n’Abayebusi+, amahanga indwi agizwe n’abantu benshi kandi akomeye kubarusha+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika