ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 22:20
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 20 Uwushikaniye ikimazi iyindi mana atari Yehova wenyene ategerezwa gupfa+.

  • Kuvayo 32:25
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 25 Musa abona ko abantu bari bisutse mu kibi kuko Aroni yari yabarekeranye, ku buryo bakora ibintu biteye isoni imbere y’abansi babo.

  • Kuvayo 32:27
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 27 Aca ababwira ati: «Yehova Imana ya Isirayeli avuze ati: “Umwe wese natore inkota yiwe anyuragire irya n’ino mw’ikambi, yice mwenewabo, umubanyi wiwe n’umugenzi wiwe somambike+.”»

  • Gusubira mu vyagezwe 13:6-9
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 6 Mwenewanyu mwonse rimwe canke umuhungu wawe, umukobwa wawe, umugore wawe wikundira canke umugenzi wawe pfampfe, niyagerageza kukwosha mu mpisho akakubwira ngo: “Ingo tugende gusenga izindi mana+”, imana mwe na ba sokuruza banyu mutigeze mumenya, 7 imana z’amahanga abakikuje, yaba ayari hafi yanyu canke kure yanyu, kuva ku mpera y’igihugu gushika ku yindi, 8 ntuze wemere ivyo akubwiye canke ngo umwumvirize+. Ntuze umwumvire ikigongwe canke impuhwe kandi ntuze umukingire. 9 Ahubwo utegerezwa kumwica ata kabuza+. Hageze kumwica, ni wewe uzoba uwa mbere hanyuma abandi bakurikire+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika