7 Baraheza barwana n’Abamidiyani nk’uko Yehova yari yabitegetse Musa, bica abagabo bose. 8 Bica kandi abami batanu ba Midiyani ari bo Evi, Rekemu, Zuri, Huru na Reba. Balamu+ umuhungu wa Beyori na we nyene bamwicisha inkota.
21 ibisagara vyose vyo ku matāba n’ubwami bwose bwa Sihoni umwami w’Abamori yaganza i Heshiboni+. Musa yari yaratsinze uwo mwami+ n’abakuru b’Abamidiyani ari bo Evi, Rekemu, Zuri, Huru na Reba+. Abo bakuru bayoboka Sihoni kandi baba muri ico gihugu.