-
1 Abami 8:35, 36Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
35 Ijuru niryugarwa, imvura ikareka kugwa+ kubera yuko bagumye bagucumurako+, hanyuma bagasenga batumbereye aha hantu, bakaninahaza izina ryawe, bagaheba ibicumuro vyabo kubera wabacishije bugufi*+, 36 uze wumve uri mw’ijuru. Uze ubabarire ibicumuro vy’abasavyi bawe, ubabarire abantu bawe b’Abisirayeli, ubigishe+ inzira nziza bakwiye gucamwo. Uzoce ugwisha imvura ku gihugu cawe+, ico wahaye abantu bawe nk’intoranwa.
-
-
2 Ngoma 7:13, 14Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
13 Ninugara ijuru ntihagwe imvura, canke nkategeka ibihori guhonya igihugu, canke nkarungika ikiza mu bantu banje, 14 maze abantu banje bitirirwa izina ryanje+ bakicisha bugufi+ bagasenga, bakandondera*, bagaheba ingeso zabo mbi+, nzoheza ndabumve ndi mw’ijuru ndabababarire igicumuro cabo, nkize igihugu cabo+.
-