23 Muzozana ic’icumi c’intete zanyu, ic’umuvinyu mushasha, ic’amavuta hamwe n’ibivutse ubwa mbere mu bitungwa vyanyu, muheze mubirire imbere ya Yehova Imana yanyu ahantu azoba yatoye ngo hitirirwe izina ryiwe+, kugira mwige kwama mutinya Yehova Imana yanyu+.