-
Abalewi 11:13-20Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
13 Ibi ni vyo bikwiye kubashisha mu bikoko biguruka. Ntimuze mubirye kuko bishisha: inkona+, kagoma, inkukuma yirabura+, 14 ikinyamwanira gitukura, ubwoko bwose bw’ibinyamwanira vyirabura, 15 ubwoko bwose bw’ibikona, 16 imbuni*, igihuna, inguriguri, ubwoko bwose bw’agaca, 17 agahuna gatoyi, ikirovyi, igihuna c’amatwi maremare, 18 imbata yo mu mazi, inyanana, inkukuma, 19 agasoza, ubwoko bwose bw’inyange, samunsure n’agahungarema. 20 Udukoko twose tw’amababa tugendera ku maguru ane dukwiye kubashisha.
-