ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 25:35
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 35 Umwisirayeli mugenzawe* aba hafi yawe niyakena gushika aho abura ikimutunga, ukwiye kumufasha+ nk’uko wofasha umunyamahanga n’umwimukira+ kugira abandanye kubaho.

  • Imigani 19:17
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 17 Uwugiriye ubuntu umuntu mutoyi aba aguranye Yehova+,

      kandi azomuha impera* y’ivyo yakoze+.

  • Matayo 5:42
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 42 Nuhe uwugusavye, kandi ntiwime ingurane uwuyigusavye*+.

  • Luka 6:34, 35
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 34 Vyongeye, nimwaha ingurane* abo mwiteze ko bazobasubiza, muzoshimwa iki+? Erega n’abacumuzi baragurana abacumuzi biteze ko bazobasubiza ivyo babaguranye vyose. 35 Ahubwo mubandanye gukunda abansi banyu, gukora iciza no kugurana abandi ata co mwiteze gusubizwa+. Impembo yanyu rero izoba nini, kandi muzoba abana ba Musumbavyose, kuko agirira neza intashima n’ababisha+.

  • Abagalatiya 2:10
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 10 Badusavye gusa kutibagira aboro, kandi n’ivyo narihatiye rwose kubikora+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika