ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 22:25
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 25 Niwagurana amahera umukene* wo mu bantu banje akaba n’umubanyi wawe, ntuze umuguranire kwunguka. Ntuzomusabe inyungu+.

  • Abalewi 25:36, 37
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 36 Ntuze umwungukireko canke ngo uriremwo mbege+. Utegerezwa gutinya Imana yawe+ kugira mwenewanyu abandanye kubaho. 37 Ntuze umwake inyungu ku mahera umuguranye+ canke ngo umuhe ivyo kurya urondera kumwungukirako.

  • Nehemiya 5:10
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 10 Erega na jewe na benewacu n’abasuku banje turabaha ingurane y’amahera n’intete, ariko nta nyungu tubasaba. Ndabinginze tureke gusaba inyungu abo duha ingurane+.

  • Zaburi 15:5
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  5 Ntasaba inyungu ku ngurane atanze+,

      kandi ntarya igiturire co gucinyiza intungane+.

      Umuntu nk’uwo ntazokwigera anyiganyizwa*+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika