Kuvayo 22:25 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 25 Niwagurana amahera umukene* wo mu bantu banje akaba n’umubanyi wawe, ntuze umuguranire kwunguka. Ntuzomusabe inyungu+. Abalewi 25:36, 37 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 36 Ntuze umwungukireko canke ngo uriremwo mbege+. Utegerezwa gutinya Imana yawe+ kugira mwenewanyu abandanye kubaho. 37 Ntuze umwake inyungu ku mahera umuguranye+ canke ngo umuhe ivyo kurya urondera kumwungukirako. Nehemiya 5:10 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 10 Erega na jewe na benewacu n’abasuku banje turabaha ingurane y’amahera n’intete, ariko nta nyungu tubasaba. Ndabinginze tureke gusaba inyungu abo duha ingurane+. Zaburi 15:5 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 5 Ntasaba inyungu ku ngurane atanze+,kandi ntarya igiturire co gucinyiza intungane+. Umuntu nk’uwo ntazokwigera anyiganyizwa*+.
25 Niwagurana amahera umukene* wo mu bantu banje akaba n’umubanyi wawe, ntuze umuguranire kwunguka. Ntuzomusabe inyungu+.
36 Ntuze umwungukireko canke ngo uriremwo mbege+. Utegerezwa gutinya Imana yawe+ kugira mwenewanyu abandanye kubaho. 37 Ntuze umwake inyungu ku mahera umuguranye+ canke ngo umuhe ivyo kurya urondera kumwungukirako.
10 Erega na jewe na benewacu n’abasuku banje turabaha ingurane y’amahera n’intete, ariko nta nyungu tubasaba. Ndabinginze tureke gusaba inyungu abo duha ingurane+.
5 Ntasaba inyungu ku ngurane atanze+,kandi ntarya igiturire co gucinyiza intungane+. Umuntu nk’uwo ntazokwigera anyiganyizwa*+.