ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 15:7
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 7 Nihagira mwenewanyu akena muri kimwe mu bisagara vyo mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe, ntuze ukomantaze umutima canke ngo upfumbate ikiganza cawe imbere ya mwenewanyu akenye+.

  • Gusubira mu vyagezwe 15:10
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 10 Ukwiye kumuha n’umutima ukunze+, ata kugonanwa*, kuko ivyo bizotuma Yehova Imana yawe ahezagira ivyo ukora vyose n’imigambi yawe yose+.

  • Imigani 11:24
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 24 Hari uwutanga cane* ariko ivyiwe bikaruhira kugwira+,

      hakaba n’uwimana ariko akaruhira kuba umukene+.

  • Imigani 19:17
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 17 Uwugiriye ubuntu umuntu mutoyi aba aguranye Yehova+,

      kandi azomuha impera* y’ivyo yakoze+.

  • Luka 6:38
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 38 Mugire akamenyero ko gutanga, namwe bazobaha+. Bazobasukira mu mpuzu* zanyu ingero yuzuye, itsindagiye, inyingishe kandi isesekaye. Ingero mupimisha ni yo namwe bazobapimirako.»

  • 2 Abakorinto 9:6
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 6 Mugabo muri ivyo, uwubiba isorosoro azokwimbura isorosoro, uwubiba vyinshi na we yimbure vyinshi+.

  • 1 Yohani 3:17
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 17 Ariko uwufise ibintu vyo muri iyi si hanyuma akabona mwenewabo ari mu bukene mugabo ntamwumvire impuhwe, yovuga gute ko akunda Imana+?

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika