Gusubira mu vyagezwe 15:7 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 7 Nihagira mwenewanyu akena muri kimwe mu bisagara vyo mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe, ntuze ukomantaze umutima canke ngo upfumbate ikiganza cawe imbere ya mwenewanyu akenye+. Gusubira mu vyagezwe 15:10 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 10 Ukwiye kumuha n’umutima ukunze+, ata kugonanwa*, kuko ivyo bizotuma Yehova Imana yawe ahezagira ivyo ukora vyose n’imigambi yawe yose+. Imigani 11:24 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 24 Hari uwutanga cane* ariko ivyiwe bikaruhira kugwira+,hakaba n’uwimana ariko akaruhira kuba umukene+. Imigani 19:17 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 17 Uwugiriye ubuntu umuntu mutoyi aba aguranye Yehova+,kandi azomuha impera* y’ivyo yakoze+. Luka 6:38 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 38 Mugire akamenyero ko gutanga, namwe bazobaha+. Bazobasukira mu mpuzu* zanyu ingero yuzuye, itsindagiye, inyingishe kandi isesekaye. Ingero mupimisha ni yo namwe bazobapimirako.» 2 Abakorinto 9:6 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 6 Mugabo muri ivyo, uwubiba isorosoro azokwimbura isorosoro, uwubiba vyinshi na we yimbure vyinshi+. 1 Yohani 3:17 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 17 Ariko uwufise ibintu vyo muri iyi si hanyuma akabona mwenewabo ari mu bukene mugabo ntamwumvire impuhwe, yovuga gute ko akunda Imana+?
7 Nihagira mwenewanyu akena muri kimwe mu bisagara vyo mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe, ntuze ukomantaze umutima canke ngo upfumbate ikiganza cawe imbere ya mwenewanyu akenye+.
10 Ukwiye kumuha n’umutima ukunze+, ata kugonanwa*, kuko ivyo bizotuma Yehova Imana yawe ahezagira ivyo ukora vyose n’imigambi yawe yose+.
24 Hari uwutanga cane* ariko ivyiwe bikaruhira kugwira+,hakaba n’uwimana ariko akaruhira kuba umukene+.
38 Mugire akamenyero ko gutanga, namwe bazobaha+. Bazobasukira mu mpuzu* zanyu ingero yuzuye, itsindagiye, inyingishe kandi isesekaye. Ingero mupimisha ni yo namwe bazobapimirako.»
17 Ariko uwufise ibintu vyo muri iyi si hanyuma akabona mwenewabo ari mu bukene mugabo ntamwumvire impuhwe, yovuga gute ko akunda Imana+?