ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 4:6
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 6 Mutegerezwa kuyakurikiza mwitonze+, kuko ari vyo bizotuma amahanga azokwumva ivy’ayo mategeko yose abona ko mufise ubukerebutsi+ n’ugutegera+. Bazoheza bavuge bati: “Emwe, iri hanga rikomeye rigizwe n’abantu bafise ubukerebutsi n’ugutegera+.”

  • Gusubira mu vyagezwe 8:18
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 18 muze mwibuke ko Yehova Imana yanyu ari we abaha ububasha bwo kurondera itunga+, kugira ashitse isezerano yagiraniye na ba sokuruza banyu nk’uko biri uyu musi+.

  • Yosuwa 1:7, 8
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 7 Wewe gusa gira umutima rugabo kandi ukomere cane, ukurikize neza amategeko yose umusavyi wanje Musa yaguhaye. Ntuze uyarengeko ngo ukatire iburyo canke ibubamfu+. Bizotuma ukorana ubukerebutsi* aho uzoja hose+. 8 Ibiri muri iki gitabu c’amategeko uze uvyamize mu kanwa kawe+. Uze ugisome n’ijwi ritoyi* umurango n’ijoro, kugira ngo ukurikize neza ivyanditswe muri co vyose+. Ni ho uzororanirwa kandi ugakorana ubukerebutsi+.

  • 1 Abami 2:3
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 3 Uze ushitse ivyo Yehova Imana yawe agusaba: uze ugendere mu nzira ziwe, ugamburuke ivyagezwe vyiwe, amabwirizwa yiwe, ingingo yashinze n’ivyibutswa vyiwe, nk’uko vyanditswe mu mategeko ya Musa+. Uzoheza uroranirwe* mu vyo uzokora vyose n’aho uzoja hose.

  • Zaburi 103:17, 18
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 17 Ariko urukundo* rwa Yehova rwamaho ibihe vyose*

      kuri abo bose bamutinya+,

      kandi ubugororotsi bwiwe bwamaho ku babakomokako+,

      18 ku bubahiriza isezerano ryiwe+

      no ku bitwararika kugamburuka ivyagezwe vyiwe.

  • Luka 11:28
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 28 Ariko amwishura ati: «Oya, ahubwo hahiriwe abumva ijambo ry’Imana bakarikurikiza+!»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika