-
Yosuwa 9:1, 2Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
9 Abami bose bo mu burengero bwa Yorodani+ bumva ivyabaye. Bari abami bo mu karere k’imisozi n’aka Shefela, abo ku nkengera yose ya ca kiyaga Kinini*+ n’aharabana na Libani, ni ukuvuga abami b’Abaheti, Abamori, Abanyakanani, Abaperizi, Abahiwi n’Abayebusi+. 2 Baca bagira urunani kugira barwanye Yosuwa n’Abisirayeli+.
-