-
Gusubira mu vyagezwe 33:13-15Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
13 Ku bijanye na Yozefu, yavuze+ ati:
«Igihugu ciwe kiragahezagirwa na Yehova+,
nakironse ibintu vyizavyiza vyo kw’ijuru,
urume hamwe n’amazi yo hasi mu kuzimu+,
14 ibintu vyizavyiza bikuzwa n’izuba,
ibintu vyizavyiza vyera buri kwezi+,
15 ibintu vyizavyiza biva mu misozi ya kera*+,
ibintu vyizavyiza biva mu mitumba yamaho,
-
Yosuwa 17:17, 18Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
17 Yosuwa aca abwira abakomoka kuri Yozefu, ni ukuvuga Abefurayimu na bene Manase ati: «Muri benshi cane kandi murakomeye cane. Ntimuzoronka akarere kamwe gusa+, 18 muzoronka n’akarere k’imisozi+. Naho hari ikibira, muzohatema kandi ni ho akarere kanyu kazogarukira. Muzokwomora Abanyakanani naho bakomeye bakagira n’imikogote y’intambara iriko ibibugita ku mapine*+.»
-
-
-