16 amazi atemba ava ruguru aca arahagarara, araduga aba nk’urugomero kure cane mu gisagara citwa Adamu kiri hafi ya Saretani, ayamanuka mu kiyaga co muri Araba na yo, ari co kiyaga c’Umunyu, arakama. Nuko uruzi rureka gutemba maze abantu barajabuka, bajabukira aharabana na Yeriko.