-
Guharura 32:20-22Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
20 Musa abishura ati: «Nimwatora ibirwanisho mukaja ku rugamba imbere ya Yehova+, 21 umwe wese agafata ibirwanisho akajabuka uruzi Yorodani igihe Yehova azoba ariko yirukana abansi biwe+, 22 gushika mwigaruriye ico gihugu imbere ya Yehova+, muzoheza mugaruke+ kandi nta caha kizobagira imbere ya Yehova n’Abisirayeli. Iki gihugu rero kizoca kiba rwanyu imbere ya Yehova+.
-
-
Guharura 32:25-29Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
25 Abakomoka kuri Gadi n’abakomoka kuri Rubeni baca babwira Musa bati: «Databuja, twebwe abasavyi bawe tuzokora nk’uko udutegetse. 26 Abana bacu, abagore bacu n’ibitungwa vyacu vyose bizosigara ng’aha mu bisagara vy’i Gileyadi+. 27 Ariko twebwe abasavyi bawe tuzojabuka, umugabo wese yiteguriye urugamba imbere ya Yehova+, nk’uko databuja abivuze.»
28 Musa aca atanga itegeko ku biberekeye, ariha Eleyazari umuherezi na Yosuwa mwene Nuni hamwe n’abakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango ya Isirayeli, 29 ababwira ati: «Abakomoka kuri Gadi n’abakomoka kuri Rubeni nibajabukana namwe uruzi Yorodani, umugabo wese afise ibirwanisho yiteguriye urugamba imbere ya Yehova, hanyuma mukigarurira igihugu, muzoca mubaha igihugu ca Gileyadi kibe rwabo+.
-