Kuvayo 33:14 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 14 Amwishura ati: «Jewe ubwanje nzojana nawe+ kandi nzoguha akaruhuko+.» Gusubira mu vyagezwe 12:10 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 10 Nimwajabuka Yorodani+ mukaba mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe, azobakingira abansi bose babakikuje, muheze mwibere mu mutekano+. Yosuwa 1:13 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 13 «Mwibuke ivyo Musa umusavyi wa Yehova yabategetse+ ati: “Yehova Imana yanyu abahaye amahoro*, kandi yarabahaye iki gihugu. Yosuwa 11:23 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 23 Yosuwa rero yigarurira igihugu cose nk’uko Yehova yari yarabisezeraniye Musa+. Araheza agiha Abisirayeli ngo kibe intoranwa yabo hisunzwe imiryango yabo, ku buryo umwe wose uronka umugabane wawo+. Nuko igihugu kiruhuka intambara+. Yosuwa 22:4 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 4 Yehova Imana yanyu yamaze guha amahoro benewanyu, nk’uko nyene yabibasezeraniye+. Ubu murashobora kwisubirira iwanyu*, mu karere Musa umusavyi wa Yehova yabahaye hakurya ya Yorodani*+.
10 Nimwajabuka Yorodani+ mukaba mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe, azobakingira abansi bose babakikuje, muheze mwibere mu mutekano+.
13 «Mwibuke ivyo Musa umusavyi wa Yehova yabategetse+ ati: “Yehova Imana yanyu abahaye amahoro*, kandi yarabahaye iki gihugu.
23 Yosuwa rero yigarurira igihugu cose nk’uko Yehova yari yarabisezeraniye Musa+. Araheza agiha Abisirayeli ngo kibe intoranwa yabo hisunzwe imiryango yabo, ku buryo umwe wose uronka umugabane wawo+. Nuko igihugu kiruhuka intambara+.
4 Yehova Imana yanyu yamaze guha amahoro benewanyu, nk’uko nyene yabibasezeraniye+. Ubu murashobora kwisubirira iwanyu*, mu karere Musa umusavyi wa Yehova yabahaye hakurya ya Yorodani*+.