Abalewi 5:4 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 4 Umuntu niyihutagiza akarahira ko azokora ikintu, caba ari ciza canke kibi, ariko mu nyuma akamenya ko yihuse kurahira, azokwagirwa n’icaha*+. Abalewi 19:12 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 12 Ntimuze murahire ibinyoma mukoresheje izina ryanje+, kuko mwoba mucafuje izina ry’Imana yanyu. Ndi Yehova. Matayo 5:33 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 33 Mwarumvise kandi ko ba sokuruza banyu babwiwe ngo: “Ntimuze murahire ivyo mutari bushitse+. Mutegerezwa gushitsa ivyo mwaraganiye Yehova*+.”
4 Umuntu niyihutagiza akarahira ko azokora ikintu, caba ari ciza canke kibi, ariko mu nyuma akamenya ko yihuse kurahira, azokwagirwa n’icaha*+.
12 Ntimuze murahire ibinyoma mukoresheje izina ryanje+, kuko mwoba mucafuje izina ry’Imana yanyu. Ndi Yehova.
33 Mwarumvise kandi ko ba sokuruza banyu babwiwe ngo: “Ntimuze murahire ivyo mutari bushitse+. Mutegerezwa gushitsa ivyo mwaraganiye Yehova*+.”