-
Abacamanza 2:20-23Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
20 Yehova yahavuye rero ashavurira cane Abisirayeli+ maze avuga ati: «Kubera ko iri hanga ryahonyanze isezerano+ nategetse ba sekuruza babo kwubahiriza, rikanka kunyumvira+, 21 nanje nta hanga na rimwe nzokwomora mu mahanga Yosuwa yasize igihe yapfa+. 22 Ni ukugira ngo ngeze Abisirayeli, ndabe ko bazoguma bagendera mu nzira jewe Yehova nabashingiye+, nk’uko ba sekuruza babigize.» 23 Ni co gituma Yehova yaretse ayo mahanga. Ntiyihutiye kuyomora kandi ntiyafashije Yosuwa kuyanesha.
-