ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Guharura 33:55
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 55 Ariko nimutirukana ababa muri ico gihugu ngo bababise+, abo muzosigaza bazoba nk’ibintu bibazibura mu maso be n’amahwa abazibura mu mbavu. Bazobatoteza mu gihugu muzoba mubamwo+,

  • Gusubira mu vyagezwe 8:2
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 2 Mwibuke urugendo rurerure Yehova Imana yanyu yabagirishije muri iyi myaka 40 mu bugaragwa+, kugira abacishe bugufi, abagerageze+, maze amenye ibiri mu mitima yanyu+, ko muzokurikiza amabwirizwa yiwe canke ko mutazoyakurikiza.

  • Yosuwa 23:12, 13
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 12 «Mugabo nimwaramuka mumuhevye mukifatanya n’abo mu mahanga asigaye+ mu gihugu, mugahana abageni+ mukongera mukagenderanira, 13 mumenye neza ko Yehova Imana yanyu atazobandanya kwomora ayo mahanga ku bwanyu+. Ayo mahanga azobabera nk’umutego n’urusenga bategesha, nk’ikimoko kibakubita mu mbavu+. Azobabera kandi nk’amahwa mu maso yanyu, gushika muzimanganye muri iki gihugu ciza Yehova Imana yanyu yabahaye.

  • Abacamanza 3:4
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 4 Yehova yakoresheje ayo mahanga kugira ageze Abisirayeli, amenye ko bogamburutse amabwirizwa yahaye ba sekuruza biciye kuri Musa+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika