ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 32:31
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 31 Kuko igitandara cabo kitameze nk’Igitandara cacu+,

      mbere ivyo n’abansi bacu barabitahuye+.

  • Zaburi 18:31-42
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 31 None hari iyindi Mana iriho atari Yehova+?

      Hari ikindi gitandara kiriho atari Imana yacu+?

      32 Imana y’ukuri ni yo impa inkomezi+,

      kandi ni yo igorora inzira yanje+.

      33 Ituma ibirenge vyanje binyaruka nk’ivy’impongokazi,

      ikamfasha guhagarara ahantu hahanamye+.

      34 Yigisha ibiganza vyanje kurwana intambara.

      Amaboko yanje agonda umuheto w’umujumpu.

      35 Umpa inkinzo yawe y’ubukiriro+.

      Ukuryo kwawe kuranshigikira.

      Ukwicisha bugufi kwawe gutuma mba uwuhambaye+.

      36 Wagura inzira ncamwo,

      kugira ngo ibirenge* vyanje ntibinyerere+.

      37 Nzokurikirana abansi banje ndabahamvye.

      Nzogaruka ari uko ndabahoneje.

      38 Nzobasya ntibasubire kuvyura umutwe+.

      Bazogwa munsi y’ibirenge vyanje.

      39 Uzompa inkomezi zo kurwana urugamba,

      utume abansi banje bagwa imbere yanje+.

      40 Uzotuma abansi banje bampunga*,

      kandi nzoherengeteza* abanyanka+.

      41 Baratabaza ariko ntibaronke uwubakiza,

      bagatabaza na Yehova ariko ntagende abishuye.

      42 Nzobahonda banoge nk’umukungugu uguruwe n’umuyaga.

      Nzobashibura nk’urwondo rwo mw’ibarabara.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika