ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Ngoma 21:8-13
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 8 Dawidi aca abwira Imana y’ukuri ati: «Nakoze igicumuro gikomeye+. Ndakwinginze rero umbabarire jewe umusavyi wawe+. Ni ukuri nakoze ivy’ubupfu+.» 9 Maze Yehova abwira umuhanuzi Gadi+ yamenyesha Dawidi ivyo Imana yamweretse ati: 10 «Genda ubwire Dawidi uti: “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Hitamwo kimwe muri ibi bintu bitatu kibe ari co ndaguhanisha.’”» 11 Nuko Gadi aza kwa Dawidi amubwira ati: «Ibi ni vyo Yehova avuze: “Hitamwo kimwe: 12 ushima ko hatera inzara izomara imyaka itatu+? Canke ko umara amezi atatu utsindwa n’abansi bawe, inkota yabo igukurikira+? Canke ko mumara imisi itatu mwicwa n’inkota ya Yehova, umumarayika wa Yehova+ akabicisha ikiza+ mu karere kose ka Isirayeli?” Iyumvire rero umbwire ico nishura uwantumye.» 13 Dawidi aca yishura Gadi ati: «Numva binteye intuntu nyinshi. Mugabo hako mpanwa n’umuntu+, ndagusavye mpfume mpanwa na Yehova kuko afise imbabazi nyinshi cane+.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika