1 Samweli 10:1 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 10 Samweli atora rero agakarabo k’amavuta, ayasuka ku mutwe wa Sawuli+, araheza aramusoma avuga ati: «Ni wewe Yehova arobanuje amavuta* ngo ube indongozi+ y’abantu biwe*+. 1 Samweli 10:24 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 24 Samweli abwira abantu bose ati: «Mwabonye uwo Yehova yatoye+? Mubona hari n’umwe ameze nka we mu bantu bose?» Abantu bose baca batangura gusemerera bati: «Umwami nahangame!» 2 Samweli 15:10 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 10 Abusalomu aca arungika intumwa mu mpisho mu miryango yose ya Isirayeli, ababwira ati: «Mukimara kwumva ijwi ry’inzamba, muce mutangaza muti: “Abusalomu abaye umwami i Heburoni+!”» 2 Abami 11:12 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 12 Yehoyada aca asohokana umuhungu w’umwami+, amwambika urugori ku mutwe, ashirako n’umuzingo urimwo amabwirizwa y’Imana*+. Nuko baramwimika aba umwami, bamurobanuza amavuta*. Baca bakoma amashi bavuga bati: «Umwami nahangame+!»
10 Samweli atora rero agakarabo k’amavuta, ayasuka ku mutwe wa Sawuli+, araheza aramusoma avuga ati: «Ni wewe Yehova arobanuje amavuta* ngo ube indongozi+ y’abantu biwe*+.
24 Samweli abwira abantu bose ati: «Mwabonye uwo Yehova yatoye+? Mubona hari n’umwe ameze nka we mu bantu bose?» Abantu bose baca batangura gusemerera bati: «Umwami nahangame!»
10 Abusalomu aca arungika intumwa mu mpisho mu miryango yose ya Isirayeli, ababwira ati: «Mukimara kwumva ijwi ry’inzamba, muce mutangaza muti: “Abusalomu abaye umwami i Heburoni+!”»
12 Yehoyada aca asohokana umuhungu w’umwami+, amwambika urugori ku mutwe, ashirako n’umuzingo urimwo amabwirizwa y’Imana*+. Nuko baramwimika aba umwami, bamurobanuza amavuta*. Baca bakoma amashi bavuga bati: «Umwami nahangame+!»