20 Maze Dawidi abwira umuhungu wiwe Salomo ati: «Gira umutima rugabo kandi ukomere, ujeko ukore. Ntutinye canke ngo uranduke umutima, kuko Yehova Imana yawe, we Mana yanje, ari kumwe nawe+. Ntazoguta canke ngo aguhebe+. Azogumana nawe gushika igikorwa cose kijanye n’inzu ya Yehova kirangiye.